Urukundo Imana Idukunda nirwo rutazoshira
Kuko idukunda itaravye :
Niyo mpamvu ntidupfishe ubusa UBUNTU twagiriwe, ngo twibagire iyaturemye ..ngo tuyikureko amaso yacu ...
Ariko nabuna tuyirondere nkuko inkongo ihuzagirika irondera kuja ku muhezii ..
Tumwishireko nkuko umwana muto yishira kuri nyina:
Kuko idukunda itaravye :
- iyo tuva;
- Uko dusa;
- Uko dutambuka;
- Ijunja n' ijambo dufise;
- Ubutunzi bw'amafaranga
Ariko rurengera vyose; rudushikana mû kugororoka nyāko kubw'ikimazi catanzwe rimwe gusa : Yesu Kristo umwana w' Imana Yaje avuye mw'Ijuru avyigombeye (aho yari yuzuye icubahiro) ariko yiyambura icubahiro cose ...yisiga ubusa ..,yābira ishusho y' umugurano, acika ūsa n' abantu...
Niyo mpamvu ntidupfishe ubusa UBUNTU twagiriwe, ngo twibagire iyaturemye ..ngo tuyikureko amaso yacu ...
Ariko nabuna tuyirondere nkuko inkongo ihuzagirika irondera kuja ku muhezii ..
Tumwishireko nkuko umwana muto yishira kuri nyina:
- Tumutazire;
- Tumuhe ishimwe;
- Tumusenge;
- Dufashe abagowe, aboro;
- Dufashe imfuvyi n'abapfakazi;
- Duharire dudaharuye
- ....

0 Commentaires