Ntiducudike n'isi

 Yakobo4:1-12

Muri mwebge intambara ziva hehe, n'imitongano iva hehe? Mbega ntibiva mu bibahimbara birwanira mu ngingo zanyu?

 Murifuza, ariko ntimuhabga: murica, mugira ishari, ariko ntimushobora kuronka; murarwana muratabara. Ntimuhabga kuko mudasaba:  murasaba ntimuhabge, kuko musaba nabi, kugira ngo muvyononere mu bibahimbara.  Yemwe basambanyi, ntimuzi yuko gucudika n'isi ar' ukwankana n'Imana? Nuk' umuntu wese agomba kuba incuti y'isi aba yigize umwansi w'Imana.  Canke mwiyumvira yukw ivyanditswe bivugira ubusa, ng' Uwo Mpwemu yagererewe muri twebge atwikundiriza afuha?  Arikw itanga ubuntu burushirije. Ni co gituma ivuga, it' Imana irwanya abibona, arikw abicisha bugufi ibaha ubuntu.  Nuko mugamburukire Imana, ariko murwanye wa Murwanizi, na we azobahunga.  Mwiyegereze Imana, na yo izobegera.

Yemwe banyavyaha, ni mukarabe: yemwe ab' imitima ibiri, ni mwiyeze imitima. Mubabare, muboroge, murire; ibitwengo vyanyu bihinduke amaborogo, umunezero uhinduke umubabaro.  Mwicishe bugufi imbere y'Umwami Imana, na yo izobashira hejuru. Bene Data, ntimuvuganane nabi. Uvuga nabi mwene Se, cank' uhinyurira mwene Se ku mutima, aba avuze nabi ivyagezwe, ni vyo aba ahinyuye. Arikw iy' uhinyura ivyagezwe, ntuba uvyitondera, uba ubaye umucamanza wavyo.  Ushinga ivyagezwe, ari we mucamanza, n'Imwe gusa; ni yo ishobora kurokora no guhonnya: ariko wewe ur' iki, uhinyura mugenzawe?
Mwarahezagiwee...

0 Commentaires